Rwanda: Ubushinjacyaha burarega umunyamakuru Theoneste Nsengimana, n’abanyapolitike Bernard Ntaganda na Madamu Victoire Ingabire gushaka guhirika ubutegetsi. RDC: Inyeshyamba za M23 zemeza ko zafashe agace ka Alimbongo muri teritware ya Lubero. Mozamabike: Abarenze 30 bahitanywe na serwakira Chido
Dec 17, 2024•30 min•Transcript available on Metacast Inama yagombaga guhuza ba Prezida wa Kongo n’uw'u Rwanda muri Angola ntiyabaye.Urukiko muri Uganda rwategetse Leta kwishyura miliyoni 10 z’amashilingi kuri buri muntu wahitanywe na Thomas Kwoyelo. Perezida w’Uburusiya yatangaje ko igihugu cye kigenda cyegukana intsinzi mu ntambara kirwana na Ukraine
Dec 16, 2024•30 min•Transcript available on Metacast Ku ncuro ya mbere ibirori vyo kwimika prezida wa Amerika bishobora kwitabirwa n'Abakuru b'ibihugu b'abanyamahanga. Turukiya yiteguriye gukemura amakimbirane ya Sudani na Emira Ziyunze z'Abarabu. Inama y’Ishyirahamwe ryo gusiganwa mu mudoka, FIA, irabera mu Rwanda. Ni ubwa mbere ibereye muri Afurika.
Dec 13, 2024•30 min•Transcript available on Metacast Urwego IRMCT ruvuga ko abantu byibura igihumbi bakekwaho ibyaha bya jenoside yabaye mu Rwanda muri 1994 batarafatwa. Ikinyamakuru Time cyagize perezida watowe Donald Trump “Umuntu w’Umwaka” w’2024. Ingabo za Mali n’abacanshuro b’umurwi wa Wagner w'Abarusiya vyagirizwa kwica abasivili ubusa.
Dec 12, 2024•30 min•Transcript available on Metacast Kongo irashinja u Rwanda gutuza abaturage barwo mu bice biyoborwa na M23. Mu Burundi hasojwe ubukangurambaga bwo kurwanya ihohoterwa rikorerwa abagore n'abakobwa. Abantu 175 barishwe, abandi batari bake bakomerekera mu bitero by'indege z’intambara byagabwe ku murwa mukuru wa Sudani, Khatoum.
Dec 11, 2024•30 min•Transcript available on Metacast Mu Burundi bamwe mu banyamakuru ntibanyuzwe n’itegeko CNC ishaka ko bemeza ngo rizabagenge mu gihe cy’amatora. Intumwa idasanzwe ya ONU muri Siriya isaba ko hajyaho inzego z’ubutegetsi bw’inzibacyuho. Ubufaransa bwatangiye gukura indege zabwo z’intambara zo mu bwoko bwa Mirage, mu gihugu cya Cadi.
Dec 10, 2024•30 min•Transcript available on Metacast Mu Rwanda urukiko rwa gisirikare rwahanishije Serija Minani Gervais igihano cyo gufungwa burundu kubera kwica abanu batanu. Mu Bufaransa, urukiko rwahamije Charles Onana icyaha cyo gupfobya jenoside yakorewe Abatutsi mu Rwanda. Abanyamadini bo muri Kivu y'Epfo bamaganye ibikorwa by'Abashinwa.
Dec 09, 2024•30 min•Transcript available on Metacast Ihuriro ry’abashoramari n’abahagarariye ibihugu byifuza gushora imigabane yabyo mu Burundi, ryashojwe. Abanyacadi amagana, kuri uyu wa gatanu, bakoze imyigaragambyo isaba ingabo z’Ubufaransa kuva mu gihugu cyabo. Urukiko rwa Mali rwarekuye abanyepolitiki 11 batavuga rumwe n’ubutegetsi.
Dec 06, 2024•30 min•Transcript available on Metacast Uburundi burakoresha inama mpuzamahanga y’abashoramali. Mu Rwanda, leta ivuga ko umunyapolitiki Ingabire Victoire ategura kudeta. Kongo yareze u Rwanda mu Rukiko rw’Afrika kubera "inkunga rutera umutwe w’inyeshyamba wa M23". Muri Siriya inyeshyamba zigararuriye uwundi mujyi witwa Hama.
Dec 05, 2024•30 min•Transcript available on Metacast Perezida Joe Biden w'Amerika arasoza uruzinduko rwe muri Angola. Uyu munsi yasuye icyambu cya Lobito. Inyeshamba za ADF zirwanya ubutegetsi bwa Uganda zaba zishe abantu 9 muri Kongo. Namibiya yatoye umuprezida wa mbere w'umugore.
Dec 04, 2024•30 min•Transcript available on Metacast Abagendana ubumuga batwara ibicuruzwa byambukiranya imipaka hagati ya Kongo n’Uburundi bishimiye ko akazi kabo kabateje imbere. Intambara yongeye kubura mu burasirazuba bwa Kongo, hagati ya FARDC n’umutwe wa M23. Perezida Joe Biden akomeje urugendo muri Angola. Yasuye ingoro ndangamuco y'ubucakara.
Dec 03, 2024•30 min•Transcript available on Metacast Perezida wa Amerika, Joe Biden, yageze i Luanda muri Angola. Muri Gineya, abantu barenga 50 baraye baguye mu mibyigano kuri sitade y’umupira w’amaguru mu majyepho y’igihugu. Muri Libani, guverinoma iratangaza ko indege z’intambara za Isiraheli zarashe mu majyepfo no mu burazirazuba bw’igihugu.
Dec 02, 2024•30 min•Transcript available on Metacast Imiryango irenga 700 yahora ifise amazu mu micungararo y’ahari ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi ntigira aho ikika umusaya.Muri Kongo, ibihumbi by'Abanyagihugu bahunze intambara ikomeye hagati y'ingabo za leta n’abarwanyi ba Twirwaneho muri Teritware ya Mwenga, intara ya Kivu y’epfo.
Nov 29, 2024•30 min•Transcript available on Metacast Muri Uganda, abantu 13 bahitanywe n’imisozi yasenyukiye ku mazu yabo biturutse ku mvura y’isegenya. Isirayeri na Hezbollah vyagirizanya kurenga ku masezerano yo gutanga agahengwe k’intambara. Donald Trump asaba ko ivyaha vya magendu mu bucuruzi vyamwagiriye, n’ihadabu yategetswe kuriha bihanagurwa
Nov 28, 2024•30 min•Transcript available on Metacast U Rwanda na Kongo byemeje inyandiko iganisha ku masezerano y’amahoro hagati y’ibihugu byombi. Ihagarikwa ry’imirwano hagati ya Israheli na Hezobollah ryatangiye gushyirwa mu bikorwa. Muganga Faustine Ndugulile, Umutanzaniya wari waratorewe kuyobora OMS ku mugabane w’Afrika yitabye Imana.
Nov 27, 2024•30 min•Transcript available on Metacast Umurwi wa RED Tabara wemeza ko wishe abasirikare icyenda ba Leta. Uburundi burabihakana. Abarimyi bo mu ntara ya Cankuzo bijukiye kurima igiterwa c'amavoka. Abanyagihugu bo mu burasirazuba bwa Kongo biyamiriza amajambo aherutswe kuvugwa n’umushikiranganji ajejwe ubutungane muri ico gihugu.
Nov 26, 2024•30 min•Transcript available on Metacast Abaturage barenga 24.000 birukanwe mu ngo zabo mu ntara ya Rutshuru. Abaturage ba Namibiya bazatora umukuru w’igihugu mushya, ushobora kuba umugore, ejobundi ku wa gatatu. Abanyasomaliya 24 bageragezaga gusuhuka barohomye mu nyanja y’Abahinde mu nkengero za Madagascar
Nov 25, 2024•30 min•Transcript available on Metacast Abaturage bigeze gufungirwa ndetse n’abafite ababo bagifungiye mu kigo cy’inzererezi mu mujyi wa Kigali baratabaza. Mu Burundi, abana bakuwe mw'ibarabara begeranirizwa mu kigo cyo muri komine Mishiha muri Cankuzo, ntibabayeho neza. Muri Tanzaniya umunyapolitike Freeman Mbowe, yatawe muri yombi.
Nov 22, 2024•30 min•Transcript available on Metacast Mu Burundi harabera inama y’abepiskopi katorika bo muri Burundi, mu Rwanda na Kongo. Abayirimwo bararabira hamwe ingene amahoro arama yotsimbatara mu karere. Kongo yemeje ko iryinyo ry’inzahabu rya Patrice Lumumba ricungerewe. CPI, yasohoye imitahe yo guta muri yompi Benjamin Netanyahu
Nov 21, 2024•30 min•Transcript available on Metacast Mu Burundi, abanyagihugu n’abanyepolitiki ntibabona kimwe urugendo rw’urumuri rw’amahoro rutunganywa n’ubutegetsi buri mwaka. Muri Uganda, umunyapolitiki Kizza Besigye yatawe muri yombi. Esipanye igiye guha ibyangombwa abimukira ibihumbi amagana batabifise
Nov 20, 2024•30 min•Transcript available on Metacast Ibiciro vy'ivyankenerwa mu Burundi vyaraduze cane Hari ivyaduze 100%. Ubumwe bwa Buraya bwongeye u Rwanda inkunga ku basirikare barwo bari muri Mozambike. Mu ntambara yo muri Ukraine, perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, avuga ko ashobora gukoresha intwaro za kirimbuzi bibaye ngombwa.
Nov 19, 2024•30 min•Transcript available on Metacast Abateye ikambi ya Baraka iri mu gisagara ca Goma muri DRC bafashe ku nguvu abagore 9, bakomeretsa 10. Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Senegali bemeye ko batsinzwe amatora y’abashingamateka. Uburusiya bwazibiye ingingo ya ONU itegeka Sudani guhagarika intambara bidatevye.
Nov 18, 2024•30 min•Transcript available on Metacast Mu Rwanda, bamwe mu bafunguwe bavuga ko amagereza arimo ihohoterwa ry'uburenganzira. Abanyasenegale bazatora inteko ishinga amategeko itegerejwe cyane. Muri Afrika y’Epfo, abantu amagana biriwe ku kirombe cya zahabu cyari cyarafunzwe bategereje ko bene wabo bahezemo basohoka bakiri bazima.
Nov 15, 2024•30 min•Transcript available on Metacast Mu Rwanda, bamwe mu bigeze gufungirwa mu mabohero atadukanye bemeza ko bakorewe ihohoterwa ririmwo ibikorwa bita ibiterasoni. RSF iramagana ibihano vyafatiwe umumenyeshamakuru Sandra Muhoza.I Paris umutekano wakajijwe cane kubera umukino uza guhuza ekipe y’ico gihugu n’iya Isirayeri.
Nov 14, 2024•29 min•Transcript available on Metacast Abanyagihugu 5 bo mu karere ka Nyamasheke bishwe barashwe n’umusirikare w’ingabo z’u Rwanda.Ababa mu karere ka Nyabihu mu Rwanda bashima intambwe bagezeko mu kurwanya ikibazo co gufungura nabi.Prezida wa Amerika Joe Biden mu kanya yakiriye mu ngoro yiwe Donald Trump agiye ku musubirira ku butegetsi.
Nov 13, 2024•30 min•Transcript available on Metacast Umurundikazi yakora Koweti iheruka kwirukana ku nguvu yisanze muri Benin aho gusubizwa mu Burundi. Urunani rw'abatavuga rumwe na Reta rwatsinze amatora mu birwa vya Morise. Ibihugu 13 biza imbere mu birungika ivyuka vyinshi mu kirere ntivyitabiriye inama ngarukamwaka y'ihindaguruka ry'ibihe.
Nov 12, 2024•30 min•Transcript available on Metacast Umuryango w'umunyarwanda Erixon Kabera yishwe arashwe na polisi muri Canada basaba amatohoza ku rupfu rwiwe rutavugwako rumwe. Abarenga imiliyoni 28 bo mu buseruko bwa Kongo bugarijwe n’ingaruka z'intambara. Ayachi Zammel yitoje mu kibanza ca Perezida muri Tuniziya ashobora gufungwa imyaka 35.
Nov 11, 2024•30 min•Transcript available on Metacast Muri Amerika, bwa mbere mu mateka umutegarugoli azayobora imirimo mu biro by’umukuru w’igihugu ku butegetsi bushya bwa Trump. Muri Mozambike, igisirikare cyatangiye ibikorwa byo gutera inkunga polisi mu kugarura ituze mu murwa mukuru Maputo. Muri Gana, inteko ishinga amategeko yananiwe guterana.
Nov 08, 2024•30 min•Transcript available on Metacast Perezida wa Amerika Joe Biden mu kanya yashikirije ijambo amakungu. Muri iryo jambo ryiwe rya mbere, avuze kuva umugambwe w’abademokrate wemeye ko watsinzwe amatora. Yavuze ko igenekerezo rya 20 z’ukwezi kwa mbere ko mu 2025, azotanga ubutegetsi mu mahoro.
Nov 07, 2024•30 min•Transcript available on Metacast Donald Trump wahoze ari perezida wa Amerika yamaze kurenza amajwi ya Koleji y'abatora 270 akenewe ngo abe perezida mushya. Yegukanye na zimwe muri leta zahatanirwaga. Muri aya makuru, turaganira n’abantu banyuranye batoreye muri leta zitandukanye n’abakurikira ibiganiro byacu hirya no hino kw’isi.
Nov 06, 2024•30 min•Transcript available on Metacast